Abahuza ba CEDEAO Basaba Gusabikanya Ubutegetsi muri Mali

Abakora imyiyerekano baturira amapine kandi bazibira amabarabara ku murwa mukuru Bamako, muri Mali, kw'itariki 10/07/2020.

Abahuza barungitswe n’ishirahamwe ry’ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero, CEDEAO guhuza abanyemali basavye kuri uyu w’Imana ko haba gusangira ubutegetsi.

Igihugu ca Mali kiri mu ruhagarara rwa politike hagati ya Perezida Ibrahim Boubacar Keita, hamwe n’abatavuga rumwe nawe bamusaba gutanga imihoho.

Abantu bashika kuri 11 baramaze kuhasiga ubuzima mu minsi itatu yaranzwe n’imyiyerekano yabaye mu ndwi iheze.

Inyuma y’iminsi baganira, abo bahuza 15 ba CEDEAO babona ko hoba reta y’ubumwe igizwe na 50 kw'ijana y’abasanzwe ku butegetsi, 30 kw’ijana batavuga rumwe na reta, abandi 20 kw’ijana bakava muri sosiyete sivile.

Abo bahuza barongowe n’uwahoze ari perezida wa Nijeriya, Goodluck Jonathan, bahanura ko hogenwa abacamanza bashasha bagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, kugira haboneke umuti ku matati yabaye inyuma y’amatora y’abashingamateka yo mu kwezi kwa gatatu.