Umushikiranganji wa Mbere wa Cote d'Ivuware Yashengeye

Amadou Gon Coulibaly, yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Cote d'Ivuware.

Umushikiranganji wa mbere wa Cote d’Ivuware, Amadou Gon Coulibaly yitavye Imana kuri uyu wa gatatu afise imyaka 61 y’amavuko. Ibi vyatangajwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu. Coulibary yari yagenwe n’umugambwe uri ku butegetsi ngo azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kw’icumi.

Coulibaly yari amaze indwi imwe gusa avuye mu Bufaransa, aho yari amaze amezi abiri kwivuza ibibazo vy’umutima. Yari yatangajwe kuba umukandida wa w'uwo mugambwe na Perezida Alassane Ouattara mu ntango z’ukwezi kwa gatatu, inyuma y’aho Ouattara ashikirije ko atazokwitoreza manda igira gatatu.