Amasezerano Hagati y'Ubulayi n'Ubwongereza Azagorana

Umuryango w'ibihugu vy'i Bulaya utegerezwa kwitegurira ibishoboka ko ata masezeno ashobora gushikwako ku vyerekeye ukuva kw'Ubwongereza muri uwo muryango. Ivyo Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, yabitangaje uno musi ku wa gatatu. Yasiguye ko azobandanya gukora uko ashobora kugira inyishu nziza ishikweko, ko yamara umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi n’Ubudagi bitegerezwa kwitegurira ivy’uko amasezerano ashobora kudashikwako.

Ubwongereza bwavuye burundu muri uwo muryango kw’itariki 31 y’ukwezi kwa mbere. Ico gihugu n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi bifise gushika mu mpera z’ukwezi kw’icumi na rimwe kugira bibe vyashitse ku masezerano mashasha. Bitari uko imigenderanzire hagati y’izo mpande zibiri irangire ata migambi ihari y’ukugene izogiranira ubudandaji canke izobana.

N'iyo ata masezerano mashasha yashikawako, imigenderanire mu vy’ubudandaji hagati y’izo mpande zibiri izogabanuka ku buryo izoshika aho izogendera ku bisabwa n’ishirahamwe rijejwe ubudandaji mu makungu. Ivyo bikazogira ingaruka ku bijanye n’amatagisi no ku budandajai muri rusangi.

Inyuma yuko ikiza c’umugera wa Corona gIhagaritse ibiganiro mu kiringo c’amezi atari make, umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi n’Ubwongereza vyaratanguye ku musi wa mbere ibiganiro bikomeye bizomara indwi zitanu ku masezeranao mashasha azogenga imigenderanire hagati y’izo mpande zibiri, Ubwongereza buvuye burundu muri uwo muryango.