Somaliya Yatangaje Uwa Mbere Yanduye Umugera wa Corona

Corona in Africa

Reta ya Somaliya yemeje umuntu wa mbere yanduye umugera utera Corona/COVID19 kuri uyu wa mbere.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Fawziya Abikar yashikirije ko umunyasomaliya yatahutse avuye muri kimwe mu bihugu bibangamiwe kurusha ibindi yapimwe basanga yaranduye.

Reta ya Somaliya ntiyatanze imyidondoro y’uwo muntu ariko mu ndwi iheze umushikiranganji w’amagara y’abantu yavuze ko abanyesomaliya bane batahutse bava mu Bushinwa bashizwe mu kibanza ca bonyene.

Mu ntumbero yo kuwurwanya, reta ya Somaliya yatangaje ko ihagaritse indege zose zinjira canke ziva mu gihugu mu kiringo c’indwi zibiri.