Burundi: Rwasa Agathon Yemejwe nk'Umukandida wa CNL mu Matora

Rwasa Agathon umukuru w'umugambwe CNL

Mu Burundi abanywanyi b’Umugambwe CNL bemeje mw’ikoraniro kaminuza ryo kuri uno w’Imana Agathon RWASA kugira azitoze mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu uno mwaka wa 2020.

Ikoraniro ridasanzwe ry’umugambwe CNL ribaye mu gihe abarongoye uwo mugambwe badasiba gusemerera ko abanywanyi babo batotezwa, bagafungwa mbere n’ukwicwa bakicwa. Uwo agiye guhiganira intebe y’umukuru w’igihugu ariyamiriza abagifise mu mutwe ivyo kutihanganiranira.

Gushika ubu abakandida b’imigambwe n’abigenga bazohiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu bagera kuri 12.

Inkuru iramvuye tuyishikirizwa n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda, Desiré Hatungimana.

Your browser doesn’t support HTML5

Umukandida Agathon Rwasa Ariyamiriza Ingeso yo Kutihanganirana