Perezida Trump Arigamba ko Yateje Imbere Ubutunzi bw'Amerika

State of the Union address

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yashikirije Abanyamerika n’amakungu ku ncuro ya gatatu kuva ashikiriye ubutegetsi ijambo bita “State of the Union Address”i.

Ku bijanye n’ubutunzi yavuze ko uva agishika ku butegetsi yarakoze ivyihutirwa mu gukomeza ubutunzi bw’Amerika, yemeza ko mu myaka itatu amaze ku butegetsi abanyamerika bamaze guhabwa ubuzi bashika ku miliyoni zitatu n’ibice bitanu.

Yashikirije ko ariko aranagura amahinguriro mu gihugu mu kuvuga ko kuri reta yiwe, Amerika imaze kwunguka amahinguriro 12000.

Igihambaye mu gisata c’ubutunzi, yavuze ko yasinye amasezerano y’ibanze n’ubushinwa kubijanye no guhanahana ibidandazwa, mu gihe yiyamamaje avuga ko Ubushinwa aribwo bwunguka Amerika igahomba.

Mu bijanye n’umutekano arigamba ko reta yiwe iherutse kwica umukuru w’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Kubijanye n’abimukira yashikirije ko Amerika ikwiye kuba igihugu kigendera ku mategeko, kidakwiye guharira ivomo abimukira b’abicanyi. Yongeye avuga ko ibikorwa vyo kwubaka uruzitiro rugabura Amerika na Mexique vyatanguye kandi ko mu ntango z’umwaka uza urwo ruzitiro ruzoba rwarangiye.

Nkuko bimenyerewe, abademokrate nabo bamwishuye mw’ijambo ryashikirijwe na guverineri w’umudemokrate wa reta ya Michigan, Gretchen Whitmen. Yavuze ko bo bagiye gushira inguvu mu kugabanya ibiciro mubijanye n’amagara y’abantu.

Iri jambo yarishikirije ejo kuwa kabiri, mu gihe kuri uyu wa gatatu ariho sena y’Amerika ihava ikorana igatora yemeza canke ihakana ko akurwa ku butegetsi ku vyaha bibiri yagirijwe n’abashingamateka vyo gukoresha umwanya ariko w’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite no kubangamira ibikorwa vy’abashingamateka.