Abanyeshure 13 Bapfiriye mu Misunikano muri Kenya

Abavyeyi hamwe n'abigisha bakoraniye ahabereye imisunikano kw'ishure ry'intango i Kakamega, muri Kenya, kw'itariki 03/02/2020.

Igiporisi muri Kenya cashikirije ko abana b’abanyeshure 13 bapfuye mu misunikano yabaye kw’ishure ry’intango bigako mu gisagara ca Kakamega.

Igiporisi kivuga ko abandi barenga 20 bakomeretse inyuma y’aho abo banyeshure bari barekuwe kuri uyu wa mbere ngo batahe muhira.

Ntibiramenyekana igihe iyo misunikano yatanguriye. Umukuru w’igiporisi muri ico gisagara, David Kabena yavuze ko amatohoza yo kumenya ivyabaye vy’ukuri yatanguye.