Abimukira Bashika 2000 ba Honduras Bipfuza Kwinjira muri Amerika

Umurwi w’abimukira bashika 2,000 bamuka muri Honduras bajabutse muri Guatemala kuri uyu wa kane, bizigiye gushika muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ariko ntibitomoye uburebure bw’urugendo bazogira uko rungana.

Perezida mushasha wa Guatemala Alejandro Giammattei yavuze ko Mexique yamubwiye ko itazoreka ngo abo bimukira binjire.

Guatemala kandi yarasinye amasezerano na Reta zunze ubumwe z’Amerika mu mwaka uheze avuga ko abimukira bipfuza kwinjira muri Amerika basabira ubuhunbiro bakiri muri Guatemala.