Guinee Bissau mu Matora y'Umukuru w'Igihugu

Muri Guinee Bissau, abanyagihugu bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu kuri uyu w’Imana, guhitamwo hagati ya babiri bahoze ari abashikiranganji ba mbere.

Perezida w’iki gihe, Jose Mario Vaz, ntiyashoboye kwitabira iki gice ca kabiri c'amatora kandi yemeye kuzokwubahiriza ibizoyavamwo.

Uwuza imbere muri aya matora ni Domingos Simoes Pereira, uwo Perezida yakuye mu mabanga mu 2015.