Amerika na Irani Bemeranije Guhanahana imbohe

Umushinwa w'Umunyamerika Xiyue Wang, yari imbohe muri Irani, yarekuwe inyuma y'imyaka itatu funzwe. Isanamu yafashwe itariki 07/12/2019

Reta zunze ubumwe z’Amerika zateye intambuko mu nzira nziza mu kwemera ihanahana ry’imbohe na Irani, inyuma y’ibiganiro vyari bihagarariwe n’Ubuswise ku musi wa gatandatu.

Umushikiranganji wa Irani w’imigenderanire n’amakungu, Mohammad Javad Zarif ari mu bategetsi bashikirije ko biteguye guhanahana izindi mbohe n’Amerika. Irani yemeye kuzorekura umunyamerika afise amamuko mu Bushinwa, Xiyue Wang, Amerika nayo ikarekura umuhinga wa Irani, Masoud Soleimani.

Amerika na Irani bamye bifashisha Ubusuwisi muri ibi biganiro, kuva aho imigenderanire ya kidipolomasiya hagati y’ivyo bihugu bibiri yatituka kuva mu mwaka w’1979.