Intagondwa Zishe Abantu 14 mu Rusengero muri Burkina Faso

Abasirikare ba Burkina Faso mu bikorwa vyo gukizura kw'ibarabara ryo mu karere ka Sahel muri Burkina Faso, Isanamu yafashwe italiki 3/03/2019.

Abantu bataramenyekana bitwaje ibirwanisho bararashe ku rusengero rw’abakirisitu mu buseruko bwa Burkina Faso kuri uyu w’Imana, bica abantu bashika kuri 14.

Abategetsi bavuga ko ico gitero cabereye mu gisagara ca Hantoukoura, hafi y’urubibe na Nijeri.

Nta muhari uremanga ko wagavye ico gitero, ariko intagondwa z’abayisilamisite ni bo bakekwa.

Abakirisitu hamwe n’abandi bamye babana mu mahoro muri ico gihugu ciganjemwo Abayisilamu, imbere yuko ivyo bitero bitangura.