Abasirikare 24 ba Mali Barishwe mu Gitero c'Intagondwa

Jenerali Dahirou Dembele, umushikiranganji wa Mali ajejwe kwivuna abansi

Abasirikare 24 ba Mali hamwe n’intagondwa z’abayisilamiste 17 barapfuye mu mirwano yabahuje mu buseruko bwa Mali kuri uyu wa mbere, nkuko vyashikirijwe n’igisirikare.

Abasirikare ba Mali bari mu bikorwa vyo gukizura akarere bafadikanije n’abo muri Nijeri igihe barwa mutego w’abo nakora iterabwoba ahitwa Tabankort.

Kibaye igitero gishasha ku basirikare ba Mali, bamaze gutakaza bagenzi babo baharurwa mw’ijana mu kwezi kumwe.