Umunyekongo Bosco Ntaganda Arakatirwa na CPI

Bosco Ntaganda muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI mu Buholande, kw'itariki 08/07/2019.

Abashikirizamanza ba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuri uyu wa kane barakatira urubanza umukuru w’abahoze barwanya reta ra Kongo Bosco Ntaganda. Ni inyuma y’aho mu ntango z’uyu mwaka yagirijwe ivyaha vyo mu ntambara no gufata abakenyezi ku nguvu.

Ntaganda agiye gucirirwa igifungo co guherayo ku vyaha yagirizwa ko yarongoye mu gice gitunze ubutare mu ntara ya Ituri, muri Republika ya demokarasi ya Kongo mu myaka ya 2002 na 2003.

Uwo mugabo w’imyaka 46 afise amavuko yo mu Rwanda yabaye uwa mbere yagiriwe n’ivyaha vyo kugira abaja abakenyezi mu kubasambanya igihe yacirirwa urubanza na CPI mu kwezi kw’indwi.