Tuniziya mu Matora y'Umukuru w'Igihugu

Abanyagihugu bitabiriye igice ca mbere c'amatora y'umukuru w'igihugu i La Marsa, hanze y'umurwa mukuru Tunis, muri Tunisia, Kw'itariki 15/09/2019.

Abanyetuniziya bitabiriye amatora kuri uyu w’Imana, yo guhitamwo umukuru w’igihugu mu bakandida barenga mirongo ibiri bariko barahiganirwa ico kibanza.

Abanyagihugu barenga imiriyoni indwi nibo bari ku rutonde rwo gutora muri ayo matora ya demokarasiya yo ku ncuro ya kabiri, inyuma y’imyaka umunani y’iciswe revolisiyo ya Jasmine.

Aya matora atunganijwe inyuma y’urupfu mu kwezi kw’indwi rwa perezida Beji Caid Essebsi. Ibiharuro vya mbere vyerekana ko abakandida babiri batari bamenyerewe muri poritike ari bo bari imbere mu majwi.