Umuriro Waturiye Uratongora Amazu Ibihumbi muri Bangladesh

Abanyagihugu barondera utwabo mu minyota, inyuma y'aho uburaro bwabo butokombeye n'umuriro i Dhaka, muri Bangladesh, kw'itariki 17/08/2019.

Muri Bangladesh ibihumbi vy’abanyagihugu basizwe ata buraro bagira igihe umuriro waturira ugatongora agasagara kari mu micungararo y’umurwa mukuru, Dhaka.

Umushikiranganji ajejwe guhangana n’ibiza no gutabara, Enamur Rahman yashikirije ejo kuw’Imana ko utuzu 1200 twononekaye kandi ko 750 muri two twahiye turatokombera.

Ibiharuro vy’abatagira uburaro vyatanzwe na reta ni 3,000, ariko vyinshi mu binyamakuru vyashikirije abashika 10,000, mu gihe bimwe muri vyo bishikiriza abarenga 50,000 batagira uburaro.

Abategetsi bashikirije ko abantu bane bakomeretse muri uyo muriro ariko ko atawahasize ubuzima mu gihe benshi bari hanze mu misi mikuru yo guhimbaza umusi mukuru w’abayisilamu wa Eid al-Adha.

Imiriro ku mahinguriro, ku tuzu tw’utururi hamwe n’amasoko irakunze kuba muri Bangladesh.

Abantu bashika 25 barishwe mu kwezi kwa gatatu muri uyu mwaka igihe umuriro watera igorofa yo mu karere ka Banani i Dhaka.