Abamenyeshamakuru Babiri Bishwe muri Afuganistani

Sabawoon Kakar, umumenyeshamakuru yishwe muri Afghanistani

Bus yari itwaye abamenyeshamakuru ba televiziyo yigenga muri Afuganistani yaraturikijwe na bombe bayitezeko, hapfa babiri abandi batatu barakomereka, nkuko vyashikirijwe na Nasrat Rahimi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu muri Afuganistani kuri uyu w’Imana.

Nta muhari uriyitirira ico gitero, ariko si ubwa mbere abamenyeshamakuru bicwa n’imihari y’iterabwoba mur'ico gihugu.

Ni mu gihe mu kwezi kwa gatandatu Abatalibani bagabishije ibimenyeshamakuru muri Afuganistani ko mu gihe bitohagarika kuvuga nabi uwo muhari bazokwibonerako.

Gushika aho umwaka ugeze ubu, abamenyeshamakuru indwi baramaze kwicwa n’Abatalibani muri Afuganistani, nkuko bishikirizwa n’amashirahamwe avugira ibimenyeshakamuru.