Sudani: Amasezerano Rusangi yo Gusangira Ubutegetsi Yemejwe

Abakora imyiyerekano mu mabarabara y'umurwa mukuru Khartoum, muri Sudani, mu bihe vy'imyiyerekano, Itariki 1/08/2019.

Muri Sudani, abasirikare bari ku butegetsi ivy’imfatakibanza hamwe n’urunani rw’abakoze imyiyerekano barasinye amasezerano yo gusangira ubutegetsi ku musi w’Imana.

Izo mpande zibiri zizosinya kandi amasezerano atangaza ibwirizwa shingiro risha kw’itariki 17 z’uku kwezi kw’umunani.

Umusi ukurikira, abagize akanama kazorongora igihugu imyaka itatu y’imfatakibanza gushika ku matora bazoca batangazwa.

Kw’itariki 20 z’ukwezi kw’umunani, umushikiranganji wa mbere azogenwa, hanyuma inyuma y’imisi umunani abagize reta bazoca batangazwa.