USA: Reta Yagarukanye Igihano co Gupfa

Ahabohewe abakatiwe urwo gupfa kw'ibihero rya San Quentin muri reta ya California

Reta y’Amerika igiye kusubizaho igihano co gupfa inyuma y’imyaka 16 carakuweho, kandi aba mbere batanu bapfungiwe ivyaha vy’ubwicanyi bashiriweho amatariki yo kwicwa, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubutungane, Bill Barr ejo kuwa kane.

Kw’itegeko rya perezida Donald Trump ryo guhasha abakora ivyaha nk’ivyo vy’ubwicanyi, umushikiranganji Barr yategetse abakuru b’amabohero kuzobica batewe inshinge.

Mu mwaka uheze hishwe abanyororo 25 mu ma reta atandukanye.

Imbohe 62 nizo ziri ku rutonde rw’abaciriwe urwo gupfa.

Abateye kubiri n’ico gihano basaba amasentare guhagarika iyo ngingo.