Sudani: Uwundi Umwe Yarapfiriye mu Myiyerekano

Abari mu Myiyerekano hanze y'ibihero rya al-Huda ku murwa mukuru Khartoum, itariki 04/07/2019

Abakora imyiyerekano muri Sudani barongeye kwihereza amabarabara i Khartoum mw’ijoro ry’ejo kuwa mbere biyamiriza ubwicanyi bwakorewe umunyagihugu umusi umwe imbere y’aho.

Iyo myiyerekano, yabaye inyuma y’amasaha make habaye iyindi yaburijwemwo n’igiporisi, yiyamiriza iyicwa ry’uwo musivile ku musi w’Imana mu gisagara ca El-Souk muri reta ya Sinnar, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Khartoum.

Imyiyerekano yo kuwa mbere ku murwa mukuru yabaye mu gihe abakuru b’abakora iyo myiyerekano hamwe n’akanama ka gisirikare karongoye igihugu ivy’imfatakibanza bariko barakora kugira baheraheza integuro y’amasezerano yo kugabanganya ubutegetsi hagati y’izo mpande zibiri.

Ariko mu misi iheze ibi biganiro vyarungurujwe kabiri bisabwe n’abakuru b’abari mu myiyerekano. Bitegekanijwe ko bisubira kuri uyu wa kabiri.