Irani Iragabisha Kuva mu Masezerano ya Nikleyeli

Ibendera rya Irani

Igihugu ca Irani kiragabisha ko kigira gisubire kuri porogaramu yaco ya Nikleyeli y’imbere yuko gisinya amasezerano hamwe n’ibihugu bitandatu rutura mu 2015.

Amasezerano yapfunditswe muri 2015 asaba Irani kugabanya urugero rw’ubumara bwa Uranium ihingura, nayo igaca ikurwako ibihano yafatiwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ibindi bihugu vyayateyeko imikono arivyo Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi hamwe n’Uburusiya.

Perezida Donald Trump yavuze ko ayo masezerano ari mabi cane, aca ayakuramwo Amerika mu mwaka uheze, yongereza ibindi bihano kuri Irani.

Irani iza yaramaze kuvavanura n’ibice bimwe bimwe vy’ayo masezerano yongera isezerana ko igiye gusubira guhingura ubumara bwa Uranium uko vyamye mu gihe ibihugu bigisigaye bitofasha kuyikurako ibihano vyasinzikaje ubutunzi bwayo.