Cholera muri Mozambike Inyuma y'Igihuhusi

Umutegetsi wa reta ariko arahabwa urucanco rwa cholera mu kambi y'abarokotse igihuhusi Idai muri Beira, Mozambike, itariki 03/04/2019.

Abategetsi mu buraruko bwa Mozambike batangaje ko hadutse ikiza ca Cholera catewe n’ikena ry’amazi, inyuma y’igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Kenneth caciye mur’ico gihugu.

Abarenga 20 nibo bamenyekanye ko banduye inyuma y’indwi ico gihuhusi kirenganye mu bihugu vyo mu buseruko bwa Afrika.

Abantu 41 barapfuye kandi abakozi bo muvy’amagara y’abantu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu atanga imfashanyo bariko baragerageza ko bohagarika abapfa ntibiyongere.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS rigereranya ko abantu bashika ibihumbi 200 bakeneye imfashanyo.



.