Amerika Igiye Guhungabanya Urudandazwa rw'Ibitoro muri Irani

Amahinguriro y'ibitoro muri Irani

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Mohammad Javad Zarif yagiriza Reta zunze ubumwe za Amerika gushaka gushira Irani ku mavi no guhindura reta mu kurondera guhungabanya urudandaza mpuzamakungu rw’ibitoro.

Umushikiranganji Zarif, mu kiganiro kuri televiziyo Fox News y’aha muri Amerika ejo kuw’Imana yavuze ko akagwi kagizwe n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu muri Amerika John Bolton, hamwe n’abandi bategetsi, uwa Arabiya Sawudite na Emirat zunze ubumwe z’Abarabu bariko basunikira perezida Donald Trump mu ntambara adashaka ko iba.

Umuhanuzi Bolton, kur’iyo televiziyo nyene Fox News, yashikirije ko intumbero ya Amerika atari uguhindura ubutegetsi, ariko ko ar’uko Irani yohindura inyifato, cane cane guhagarika porogaramu y’ibirwanisho vya Nikleyeli.

Amerika ivuga ko igiye guhana Irani mu kuyibuza kuronka imiriyaridi 50 z’amadolari ava mu bitoro buri mwaka kugira igondozwe ihagarike porogaramu ya Nikleyeli.