Abaganga Babiri ba Cuba Banyurujwe muri Kenya

Cuban doctors Kenya

Abantu bitwaje inkoho baranyuruje abaganga babiri bo muri Cuba bakorera ahitwa Mandera, inyuma yo kurasa no kwica umuporisi yari ashinzwe kubacungera umutekano.

Abategetsi ba Kenya bavuga ko bakeka ko ababikoz ari abo mu muhari al-Qaida ushamikiye ku muhari w’iterabwoba al-Shabab.

Mandera ni umurwa mukuru w’ikomine iri mu buraruko bushira ubuseruko muri Kenya kandi iri ku rubibe na Somaliya.