Umugambwe wa Bouteflika muri Aljeriya Ushigikiye Ihinduka

Abanya Algeriya mu myiyerekano Alger, itariki 15/03/2019.

Umugambwe wa Perezida Abdelaziz Bouteflika muri Aljeriya washikirije ejo kuwa gatatu ko wifatanije n’abagira imyiyerekano isaba ihinduka mu gihugu kandi ushigikiye ibiganiro kugira igihugu kive mu ndyane za politike kirimwo.

Umugambwe Front de Liberation National (FLN) ushikirije ivyo inyuma y’aho sendika zibiri zikomeye mu gihugu, iy’abakozi hamwe n’iy’abadandaza nazo zifatanije n’abari mu myiyerekano.

Umukuru w’umugambwe FLN, Mouad Bouchareb ashikiriza ko reta itagenzurwa n’uwo mugambwe, ibisa n’uko uwo mugambwe ushaka kwiyigiza kure na reta ya Bouteflika. Umugambwe FLN uri ku butegetsi kuva Aljeriya cikukiye mu 1962.

Aljeriya cinjiye mu ruhagarara rwa politike n’imyiyerekano kuva mu kwezi kwa kabiri itariki 22, inyuma y’aho Bouteflika atangarije ko agiye kwitoza muri manda ya gatanu, n’aho hari amakenga ko vy’ukuri ashobora kuzobandanya arongoye igihugu amagara amukitse.

Mw’itangazo ryatangaje abatari bake yashikirije kw’italiki 11 z’ukwezi kwa gatatu, yavuze ko avuye mw’ihiganwa ariko yunguruza amatora igihe atamenyesheje.