Indege za Boeing 737-Max 8 Zikomeje Gukoreshwa muri Amerika

Iyi ni indege ya sosiyete American Airlines

Reta Zunze Ubumwe za Amerika iriko iradadaza ku kamo ko mu gihugu no mu makungu k’uguhagarika indege zo mu bwoko bwa Boeing 737-Max 8. Ivyo ni inyuma y'uko indege 2 zo muri ubwo bwoko zigize impanuka mu kiringo c’amezi 6. Abantu bagera ku 350 barapfuye muri izo mpanuka zibiri.

Abategetsi bo mu biro vya Prezida Trump bavuga ko ariko aganira ku vyerekeye izo ndege zo mu bwoko bwa Boeing 737-Max 8. Yamara ntibamenyesheje abo ariko aganira nabo. Prezida Trump mu gitondo c’ejo ku musi wa kabiri yarahumurijwe n’umuyobozi mukuru w’isosiyete ikora indege za Boeing 737-Max 8 ko ata bibazo zifise.

Abategetsi bo mu biro vya Prezida Trump bemeje ko yavuganye kw’itelefone n’umuyobozi mukuru w’isosiyete Boeing, Dennis Muilenburg. Yamara nta birenga ngaho bamenyesheje. Uyu muyobozi wa Boeing yari yatangaje imbere yaho ku rubuga Twitter ko muri iki gihe indege zisaba ubuhinga bukomeye cane kugira umuntu aziyobore neza.

Yamara Prezida Trump ntiyamenyesheje ko indege zo mu bwoko bwa Boeing 737-Max 8 zohagarikwa gushika icatumye indege zibiri muri ubwo bwoko zigira impanuka kimenyekanye.

Sosiyete Boeing yatangaje ku musi wa kabiri ko ata migambi ifise y’uguhagarika izo ndege.