Abaganga muri Zimbabwe Basubiye ku Mirimo

zimbabwe doctors strike

Abaganga muri Zimbabwe barasubiye ku buzi bwabo inyuma y’iminsi 40 bari bamaze barahagaritse akazi basaba umushahara ubereye hamwe no gukora mu bihe vyiza. Reta ivuga ko uko guhagarika akazi bitari ngombwa kuko abarwayi baguye mu mporero abandi barapfa. Ariko abarwayi hamwe n’abandi bakozi mu gisata c’amagara y’abantu baranezerejwe no kubona abaganga barasubiye ku mirimo ejo kuwa kane.

Abaganga muri Zimbabwe batanguye guhagarika akazi kw’itariki ya 1 ukwezi kwa cumi na kabiri, basaba ibikoresho vyo kuvura bigezweho, imiti mu mavuriro hamwe no guhembwa imishahara mu madolari y’abanyamerika aho guhembwa mu mafaranga ya Zimbabwe.

Abaganga mu kurangiza ihagarika ry’akazi bashikirije ko perezida Emmerson Mnangagwa yashize mu ngiro ivyo basaba nko guha ibitaro ibikoresho n’imiti ariko ko hagisigaye guhembwa mu madolari y’abanyamerika.