ONU Yipfuza ko Ibiganiro ku Barwana Muri Yemeni Bitangura Vuba

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres avuga ko ONU iriko irakora ibishoboka vyose kugira abarwana muri Yemeni baje ku meza y’ibiganiro imbere y’uko umwaka urangira.

Ibiganiro bitegekanijwe gutangura mu ndwi iza i Stockholm muri Suwede hagati y’abategetsi ba Yemeni hamwe n’abaserukira abarwanyi b’aba Houti bafashwe mu mugongo na Irani.

Umuvugizi w’aba Houti yashikirije ejo kuwa kane ko uruhande rwabo rwiteguye kwitaba ivyo biganiro mu ndwi iza mu gihe umutekano wabo wocungerwa.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Yemeni, Matthew Tueller yavuze ko Irani ari yo ihungabanya umutekano muri Yemen kandi yatsa imiriro mu karere ko mu buseruko bwo hagati.

Irani camye gihakana kivuga ko kitarungikira abarwanyi b’aba Houti ibirwanisho biciye ku kivuko c’i Hodeida, ahabera intambara zikomeye.

Ibitero vy’indege z’abasirikare mpuzamakungu barongowe na Arabiya sawudite muri Yemeni bimaze kwica ibihumbi vy’abanyagihugu batagira ibirwanisho.