Amatora mu Buseruko bwa Ukraine Ntiyemerwa n'Amakungu

Abatora muri Ukraine

Abanyagihugu bo mu ntara zo mu buseruko bwa Ukraine zigaruriwe n’Uburusiya ejo ku musi w’Imana bazindukiye mu matora y’indongozi za reta, amatora perezida wa Ukraine Petro Poroshenko yise ko atari amatora bwite.

Ayo matora yiyamirijwe n’ubutegetsi bwa Ukraine, Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, bavuga ko atemewe n’amategeko kandi aje gusubiza inyuma umugambi wo kuganira kur’iyo ntara yitwa ko yanyazwe.

Federica Mogherini, ajejwe imigenderanire n’amakungu mu muryango w’ubumwe bwa Buraya yavuze ko ishirahamwe aserukira ritazokwemera ibizova muri ayo matora.

Uburusiya bwafashe mu mugongo abarwanyi biyise ko ari abanyagihugu ba Republika mu buseruko bwa Ukraine.

Uburusiya bwigaruriye intara ya Crimea muri 2014 ariko bwama bwahakanye ko atari bwo buha ibirwanisho abarwanyi biyonkoye ku gihugu.