Yahya Jammeh Akekwa Ivyaha vy'Ubwicanyi muri Gambiya

Uwahoze ari perezida wa Gambiya, Yahya Jammeh atangaza ko yemeye gushikiriza ubutegetsi perezida yatowe Adama Barrow, i Banjul, muri Gambiya, itariki 21/01/2017

Igihugu ca Gambiya carashizeho umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abanyagihugu uzotohoza ivyaha vyakozwe na reta y’uwahoze ari perezida, Yahya Jammeh, yagirizwa kuboreza igufa no kwica abatavuga rumwe nawe.

Abahohotewe, ababonye ivyabaye hamwe n’abagirizwa ivyo vyaha bitegekanijwe ko batangura kwumvirizwa mu mpera z’uku kwezi. Ibikorwa vyo kubumviriza bizomara imyaka ibiri.

Jammeh yatwaye imyaka 22 inyuma yo gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’1994. Yahungiye muri Guinne Equatorial mu kwezi kwa mbere 2017 inyuma yo gutsindwa mu matora yashikanye ku butegetsi perezida Adama Barrow.