Bane Bishwe Barashwe muri Canada

Abaporisi babiri ba Fredericton bari muri bane bapfuye bishwe barashwe.

Igiporisi co muri Canada catangaje ko cafashe umuntu yikekwa kuba yishe arashe abantu bane kuri uyu wa gatanu mu buseruko bw’igisagara ca Fredericton.

Abategetsi bo mu gace ka Brookside basavye abanyagihugu kuguma mu mazu yabo, mu gihe bakiriko baragarukana umutekano.

Imvo y’ubwo bwicanyi muri uyo murwa mukuru w’intara ya New Brunswick, ahaba abantu bashika ku bihumbi 60 ntiyari bwamenyekane.