RDC: Abantu 9 Bashasha Baramaze Kwicwa na Ebola

Abantu icenda nibo bamaze kumenyekana ko bishwe na Ebola kuv’aho ico kiza congeye kwiyadukiza muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo muri uku kwezi. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu kuri uyu wa kabiri.

Ibiharuro vya mbere vyari vyashikirijwe n’abategetsi vyari indwi, babiri biyongereyeko mu nyuma, bose ni mu ntara ya Beni mu buraruko bw’intara ya Kivu y’uburaruko.

Mu kiza gihitiye, abantu 34 barapfuye mu buraruko bushira uburengero, cari catangajwe ko casezerewe mu mpera z’ukwezi kw’indwi.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu yashikirije ejo kuwa kabiri ko abantu 43 aribo bagaragaje ibimenyetso vya Ebola, abandi 46 bakiriko baragirwako amatohozwa.

Ibikorwa vyo gucandaga bitegekanijwe gutangura kuri uyu wa gatatu, kuko abajejwe ico gikorwa baza baramaze gushika mu ntara ya Beni, nkuko bishikirizwa n’uwo mushikiranganji.