Al Shabab Yishe Abantu 12 muri Somaliya

Imyotsi iboneka ahari ubushikiranganji bw'intwaro mu gihugu n'umutekano bwa Somaliya, inyuma y'igitero cakozwe na al-Shabab, itariki 7/07/2018.

Abantu bashika kuri 12 bishwe n’abarwanyi ba al-Shabab kuri uno musi wa mbere mu gitero bakoze kw’ikambi ya gisirikare iri mu karere k’ubumanuko kitwa Juba.

Abategetsi muri Somaliya babwiye Ijwi ry'Amerika ko ico gitero cakozwe kw’ikambi ya Sanguni ku birometero 50 uvuye ku kivuko ca Kismayo.

Mukhtar Abdi Mohamed, umukomanda mu gisirikare ca Somaliya muri Sanguni, yavuze ko abasirikare babashije guhagarika imiduga ibiri yari irimwo amabombe imbere y’uko ishikira iryo kambi.

Uwo Mohamed yasiguye ko abarwanyi bari hagati ya 80 n’100, bateye iyo kambi bavuye mu buraruko. Muri ico gitero cari gikomeye, abategetsi bavuga ko cahitanye abasirikare bane, n’abarwanyi umunani harimwo na babiri bari batwaye iyo miduga. Mohamed avuga ko igisirikare cari carahawe amakuru y’uko ico gitero cari giteguwe.