Turukiya: Amatigisi ku Bidandazwa biva Muri USA

Perezoda wa Turukiya Tayyip Erdogan i Ankara, itariki 21/05/2018.

Igihugu ca Turukiya catangaje ko kigiye gushira amatagisi ashika ku rugero rw’umuriyaridi umwe n’imiliyoni umunani z’amadolari y’Abanyamerika ku bidandazwa bikorerwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu kwihora ingingo nk’iyo yafashwe na Perezida Trump yo gushira amatagisi kuvyuma vyinjira muri Amerika.

Ishirahamwe mpuzamakugu ry’ubudandaji ryashikirije ko iyo ngingo ya Turukiya izokora ku bidandazwa nk’imodokari, ibizuku, impapuro, umuceri hamwe n’itabi biva muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Ku musi wa gatatu, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryatangaje ko ryakoze urutonde rw’ibidandazwa biva muri Amerika rigiye kuzotangura gutoza amatagisi ku rugero rwa 25 kw’ijana, ingingo ishobora kuvyura intambara y'urudandazwa mpuzamakungu, cane cane mugihe Perezida Trump yotangura gutoza amatagisi ku modokari ziva mu Burayi.