Uburusiya: Abatavugarumwe n'Ubutegetsi Bahagaritswe n'Igipolisi

Igipolisi c'Uburusiya gihagarika uwutavugarumwe n'ubutegetsi Alexei Navalny, yari yateguye imyigaragamvyo yiyamiriza iyimikwa rya Perezida Putin, Moscou, itariki 5/05/2018.

Uwutavugarumwe n’ubutegetsi mu Burusiya, Alexei Navalny hamwe n’abanywanyi biwe baharurwa mu majana bahagaritswe kuri uyu wa gatandatu mugihe bari mu myigaragamvyo i Moscow no mu bindi bisagara 90 v’Uburusiya biyamiriza iyimikwa rya Perezida Vladimir Putin nk’umukuru w’igihugu muri manda ya kane.

Haheze iminota mike ashitse mu kibanza c’imyigaragamvyo hagati muri Moscou, Navalny yaciye ahagarikwa hamwe n’uwo bafatanije Nikolai Lyaskin. Ikigo gikurikiranama ivy’agateka kazina muntu mu Burusiya, OVD-Info, kimenyesha ko abantu barenga 350 mu gihugu cose bafashwe n’igipolisi.

Abakurikiranira hafi ibibera muri ico gihugu bavuga ko iyo myigaragamvyo itari ikomeye nk’iyo mu 2012.

Navalny, yarapfunzwe akatari gake muri uyu mwaka yagirizwa gutunganya imyigaragamvyo yiyamiriza ubutegetsi, yasavye abanywanyi biwe kwihereza amabarabara kuri uyu wa gatandatu.

Ku musi wa mbere niho hategekanijwe ko Perezida Putin arahira kurongora igihugu ikindi kiringo kigira kane.

Navalny, yatunganije imyigaragamvyo ikomeye mu mabarabara, yarabujijwe kwiyamamariza amatora ahitiye mu Burusiya yagirizwa ivyaha bijanye n’amafaranga, akavuga ko ivyo vyose ari ivyomekano.