Isirayeli: Netanyahu Akitswe n'Amagara

Benjamin Netanyahu, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli ariko arakorora mugihe yariko ashikiriza ijambo mu nama yahariwe amagara i Tel Aviv, Isirayeli, Itariki 27/03/2018.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu kur’uyu wa kabiri niho yasohoka ibitaro Hadassah vy’i Yerusalemu aho yasuzumwe ubushuhe bwari burenze urugero yar’afise, nkuko itangazo ryashikirijwe n’ibiro vyiwe.

Netanyahu, w’imyaka 68 y’amavuko yatowe ingwara ifatira mu bihimba vyo guhema. Abaganga bamuhanuye kuruhuka no kubandanya afata imiti.

Radiyo ya reta yatangaje ko inama y’ibiro vyiwe ijejwe ibibazo vy’umutekano itegekanijwe kur’uyu wa gatatu ata kibuza iza kuba. Mu gihe Netanyahu atoyitaba kur’izo mvo z’amagara, umushikiranganji wo kwivuna abansi, Avigdor Lieberman ni we aca ayirongora, nkuko Iradiyo ya reta yabishikirije.