Umushingamateka Yarishwe Arashwe muri Somaliya

Ikarata ya Somaliya yerekana Mogadishu.

Igiporisi ca Somaliya gitangaza ko umuntu yitwaje inkoho akekwa kuba uwukora iterabwoba yarashe yongera yica umushingamateka i Mogadishu ku musi wa kabiri.

Umushingamateka Ruqiya Abshir Noor yarashwe ari mu rugo rwiwe muri distrikte ya Shibis ya Mogadishu, nkuko igiporisi kivuga.

Abdiwakil Abdullahi, umukuru w’igiporisi muri Distrike ya Bondhere yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Noor yakomeretse bikomeye aca atwarwa mu bitaro bikuru vy’i Medina Mogadishu, aho yasandabiye.

Noor yari umushingamateka yatowe guserukira intara yo mu bumanuko bushira uburengero, imwe mu zigize amareta y’ico gihugu.
Nta n’umwe ariyitirira ubwo bwicanyi gushik’ubu, ariko abarwanyi ba Al-Shabab nibo bamye bagirizwa kwica abashingamateka, abakozi hamwe n’abategetsi ba reta.