Perezida Trump Yakuye Umushikiranganji w'Imigenderanire Tillerson

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump ahejeje gukura Rex Tillerson mu mabanga yiwe y'umushikiranganji ajejwe imigenderanire. Prezida Trump yaciye agena Mike Pompeo, yahora ari umukuru w’ibiro bijejwe ubutasi CIA.

Mu butumwa yacishije ku kibanza Twitter candikirwako amakuru, uyu musi ku wa kabiri, Trump yashimiye Rex Tillerson ku vyo yaranguye mu kiringo yari amaze muri ayo mabanga.

Gina Haspel ni we azoba umuyobozi mushasha w’ibiro CIA.