Moïse Katumbi Yashinze Umugambwe mu Buhungiro

Moise Katumbi atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Paris, itariki 16/06/2017.

Moïse Katumbi yatanze bagenzi we batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo mu gutangaza ko ashinze umugambwe wiwe yise “Ensemble pour le changement”, mu ntumbero yo guhiganwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Yongeye gutangaza ko agiye gusubira mu gihugu ciwe mu kwezi kwa gatandatu, ubu ari mu buhungiro muri Afrika y’epfo.

Moïse Katumbi, umurwizatunga kandi yahoze ari soma mbike na Perezida Joseph Kabila, mu mwaka wa 2016 niho yacirirwa urubanza rwo gufungwa imyaka itatu. Urubanza Abepiskopi ba Ekleziya katolika muri raporo yabo itashizwe ahabona bavuga ko yabeshewe, ariko ashobora gufungwa mu gihe yohonyoza ikirenge ku butaka bwa RDC.

Muri Afrika y’epfo, mu hoteri y’i Johannesburg ni ho yakoranirije kuva ku musi wa gatandatu gushika kuwa mbere abanywanyi biwe kugira atanguze umugambwe wiwe, ushigikiwe n’iyindi migambwe 15 mito mito yo muri RDC.

Umugambwe ukomeye mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi UDPS nturi muri urwo runani rwashikirijwe kur’uyu wa mbere na Katumbi. I Kinshasa, UDPS uvuga ko Félix Tshisekedi nawe azoba umukandida mur’ayo matora igihe azogenwa kurongora uwo mugambwe mw’ikoraniro kaminuza ryo mu kwezi kwa gatatu.