Amashirahamwe arenga 10 aharanira demokarasi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo yahamagariye Abanyagihugu guhagarika imirimo ku musi wa gatanu kugira bagaragaze umubabaro w’abantu babo bishwe n’abajejwe umutekano mu gihe c’imyiyerekano yo kwiyamiriza Perezida Joseph kabila.
Gloria Senga, wo mu muhari wishinze guharanira ihinduka muri RDC, Lucha yavuze ako kamo bagateye mu ntumbero yo kwibuka abapfiriye ku rugamba baharanira ubutungane, umwidegemvyo hamwe na demokarasi.
Mu kwezi kwa kabiri itariki 25, abantu babiri barishwe barashwe mu myiyerekano yatunganijwe n’Abakatolika. Yabaye imyiyerekano yo ku ncuro ya gatatu. Abantu 17 nibo bamaze gupfira muri yo nk'uko vyashikirijwe na Ekleziya Katolika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.