Umwiyahuzi Yishe 4 muri Pakistani

Igitero c’umwiyahuzi kur’uyu wa gatatu hafi y’igisagara ca Quetta, mu bumanuko bushira uburengero bwa Pakistani cahitanye abasirikare bashika 4 abandi 8 barakomereka.

Abategetsi bashikiriza ko uwo mwiyahuzi yari yiyambariyeko bombe zipima ibiro cumi.

Kur’uyo musi nyene, umuntu yitwaje inkoho ari ku pikipiki yateze umutego imodoka yar’itwaye umutegetsi w’igipolisi mur’ico gisagara ca Quetta aca acucagira amasasu. Abasirikare babiri bacungera umutekano baciye bapfa ariko uwo mukuru wabo ararokoka.

Abatalibani muri Pakistani bemanze ko ari bo bakoze ivyo bitero bibiri