OMS: Cholera Yarasezerewe muri Sudani y'Epfo

Umuganga Simon Angelo asuzuma umwana mu bitaro vy'Abaganga batagira imbibe, MSF, Sudani y'Epfo.

Ikiza ca cholera cahitanye abanyagihugu barenga 400 muri Sudan y’Epfo catangajwe ko carangiye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu kw’isi OMS hamwe n’abategetsi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu babitangaje mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu i Juba.

Ico kiza, cateye mur’ico gihugu hagati mu mwaka wa 2016, igihe intambara yatandukira umurwa mukuru Juba.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Sudani y’epfo, Riek Gai Kok yavuze ko haheze indwi ndwi ata murwayi abonetse mu gihugu, ariko avuga ko bidasigura ko abanyagihugu boca biyanjanjwako.