Mike Pence mu Rugendo mu Karere ka Aziya

Vice Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Mike Pence

Icegera c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Mike Pence, ari mu rugendo mu bihugu bitandukanye vya Aziya y’uburaruko muri ino ndwi, ingendo zizotuma amenyekana kurusha.

Pence yiteguriye kuzogendera ibihugu bigera kuri cumi muri uno mwaka.

Izo ngendo zifise intumbero kandi yo kubandanya ashira ahabona imigambi Amerika idashigikiye y’igihugu ca Koreya ya ruguru. Ni mu gihe kandi Amerika ibona ko kuba Koreya ya Ruguru izokwitaba imikino ya Olempike ari uguhuma amaso amakungu.

Aho Pence yahaguruka afata indege igana muri Aziya, umuvugizi w’ibiro vya Perezida w’Amerika yavuze ati: "Amerika ntigiye kwemerera Koreya ya ruguru guhuma amaso amakungu.”

Muri ino ndwi Pence azoba ari i Tokyo ku murwa mukuru w’Ubuyapani hamwe n’i Seoul ku murwa mukuru wa Koreya y’Epfo. Yiteguriye gusaba ashimitse ivyo bihugu kubandanya biremera reta ya Koreya ya Ruguru kugira ihagarika ihingurwa ryayo ry’ibigwanisho ruhonyanganda vya Nikleyeri.