Reta zunze ubumwe z’Amerika zishikiriza ko zihagaritswe umutima n’ukwirahiza kwa Raila Odinga nk'umukuru w'igihugu kandi zimenyesha ko zidashigikiye ico cose coza giteye kubiri n’ibwirizwa shingiro hamwe n’ikurikizwa ry’amategeko muri Kenya.
Ivyo biri mw’itangazo Deparotema ya reta ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yasohoye kur’uyu wa kane.
Amerika isaba Reta ya Kenya kwubahiriza uburenganzira bwo gushikiriza ikiri ku mutima no gushira mu ngiro ingingo zafashwe na sentare yasavye iyugururwa ry’amateleviziyo yahagaritswe igihe yagirizwa gutangaza ibirori vy'irahira rya Odinga.
Odinga yirahije nka perezida wa Kenya kw’itariki ya 30 z’ukwezi kwa mbere mu ntumbero yo gutesha agaciro amatora yo mu mwaka uheze hamwe n’abategetsi bayavuyemwo.
Amerika iremeza Uhuru Kenyatta nk’umukuru w’igihugu yatowe.