Abanyamerika Bari mu Bapfiriye mu Gitero i Kabul

Ihoteri mpuzamakungu Intercontinental i Kabul muri Afuganisitani, inyuma y'igitero c'abitwaje ibirwanisho, ku musi w'Imana, Itariki 21, 2018.

Deparotema ya reta ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yemeje ko Abanyamerika bari mu bapfuye n’abakomeretse mu gitero cakozwe n’Abatalibani kw’ihoteli mpuzamakungu ku murwa mukuru Kabul wa Afuganisitani.

Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’iyo deparotema kur’uyu wa kabiri Heather Nauert. Nauert ntiyatomoye igitigiri c’Abanyamerika bapfuye canke bakomeretse mur’ico gitero. Yavuze ko reta ya Amerika iriko iravugana n’abategetsi ba Afuganistani ku bijanye n’amatohoza kandi ko AMerika ishyigikiye Afuganisitani.

Abasirikare ba Afghanistani barabohoje ihoteli yatewe I Kabul mw’ijoro ryo ku musi w’Imana, abantu bashika 22 barishwe, barimwo 14 b’abanyamahanga.