Angola: Umuhungu wa Jose Eduardo dos Santos Yakuwe

José Filomeno dos Santos ni umuhungu w'uwahoze ari perezida

Prezida w’igihugu ca Angola, Joao Lourenco, yakuye Jose Filomeno dos Santos, umuhungu wa Jose Eduardo dos Santos yahoze ar’umukuru w’igihugu mu mabanga y’ukuyobora ikigega cigenga c’imitahe mu gihugu. Ivyo vyatangajwe n’ibiro vya perezida ku musi wa gatatu.

Jose Filomeno dos Santos yagirijwe mu matohoza, “Panama Papers” yerekeye amarorerwa y’uguhisha amafaranga mu mahanga, azosubirirwa na Carlos Alberto Lopes, yahoze ar’umushikiranganji ajejwe ikigega muri Angola.

Igihugu ca Angola cashizeho ikigega cigenga c’amaafranga avuye mu bitoro agenewe gukoreshwa mu bisata bitandukanye vy’ubutunzi bw’igihugu.

Ico kigega cashizweho mu mwaka w’i 2011, kikaba gifise imiliyaridi zitanu z’amadolari y’abanyamerika.

Prezida mushasha wa Angola, Joao Lourenco yearimeje kwitandukanya n’umuryango wa Prezida dos Santos, n’abo bakorana igihe yiyamamariza kuba umukuru w’igihugu mu matora yabaye kw’italiki 23 y’ukwezi kw’umanani.

Umukobwa wa Eduardo dos Santos, Isabel nawe nyene yarigeze kuba ajejwe amabanga akomeye muri sosiyete ikomeye cane y’ibitoro, Sonangol. Yamara yarakuwe mur’yo mabanga na Prezida Lourenco.

Yari yagenywe mu mabanga y’ukuyobora isosiyete Sonangol na se wiwe mu mwaka w’i 2016. Yamara yakuwe mur’ayo mabanga mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’umwaka uheze w’ 2017. Mu nyuma y'aho yaratohojwe ku bijanye na ruswa.

Yamara arahakana yivuye inyuma kw’ata kosa yakoze.