Ligue Iteka Irega Ubwicanyi Reta y'Uburundi

Ishirahamwe Ligue rikurikirana ivy'agateka ka zina muntu mu Burundi, ryarashize ahabona icegeranyo cerekana uko ibijanye n'agateka ka muntu vyari vyifashe mu Burundi mu mwaka w' 2017.

Ico cegeranyo cemeza kw’ abantu 456 bagandaguwe, 89 baranyuruzwa, abagera ku 283 baborezwa igufa, nayo abarenga 2300 bahagarikwa hahonyanzwe amategeko.

Abagirizwa ayo mabi ni bamwe mu bagize inzego z'umutekano, abajejwe intwaro n'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Eloge Willy Kaneza, araca ku mayange ibiri mur’ico cegeranyo:

Your browser doesn’t support HTML5

Rapor ku mabi n'ubwicanyi biregwa reta y'Uburundi

Reta y'Uburundi iriyamiriza ivyo bitigiri bitangwa na Ligue Iteka. Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, Therence Ntahiraja asigura ko uwukeneye kumenya ibitigiri vy'ukuri, akorana n'inzego z'igihugu, ivyo navyo iryo shirahamwe akaba atavyo ryakoze.

Ntahiraja avuga ko Reta itazota umwanya ikora amatohoza ku bagirizwa ayo mabi.

Yaganiriye n’umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza kuri terefone.

Your browser doesn’t support HTML5

Terrence Ntahiraja yishura kuri raporo ya League Iteka