Etiyopiya Izorekura Abanyororo ba Politike

Kuri uno musi wa gatatu umushikiranganji mukuru wa Etiyopiya Hailemariam Desalegn yatanganje ko abanyororo bafungiwe imvo za politike bagiye kurekugwa. Yavuze kandi ko ibohero rikomeye mu gihugu rigiye kwugagwa muvyo yavuze kw’ari intumbero yo kwugururura urubuga gwa politike kuri bose mu gihugu.

Igihugu ca Etiyopiya kiragirizwa ivyaha vyo gihohotera kiremwa muntu harimwo ugufunga abantu ikivunga mu ntumbero yo kwima ijambo abatavuga rumwe na reta. Etiyopiya iragirizwa kandi kuba ikora ikubagura ry’abantu mw’ibohero ry’ahitwa Maekalawi. Iryo bohero riri hagati na hagati y’umugwa mukuru I Addis Ababa.

Iyo ngingo ya reta yatangaje abatari bake. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru Hailemariam yavuze ko ivyaha vyabo banyororo bazarekurwa bigiye guhanagugwa, bakagirigwa imbabazi.