Umuriro Wahitanye 12 mu Gisagara ca New York

Agace ka Bronx mu gisagara ca New York

Umuyobozi w’ibiro bijejwe kurwanya imiriro mu gisagara ca New York, Daniel Nigro, yatangaje kw’umuriro wadutse, ku musi wa kane wahitanye abantu cumi na babiri mu gice cy’ahitwa Bronx. Uwo muriro wo mu nyubakwa abantu bapangamwo watewe n’umwana w’umuhungu w’imyaka itatu n’igice yariko akina n’ishiga rw’umuriro.

Daniel Nigro yabwiye abamenyeshamakuru, uno musi ku wa gatanu, ko nyina w’uwo mwana yahunze iyo nyubakwa ari kumwe nawe, n’uwumdi mwana, asiga umwango w’igice yabamwo, wuguriye. Umuriro waciye ukwiragira ningoga mu nyubakwa yose.

Abajejwe kurwanya imiriro bashitse aho wadutse mu minuta itatu inyuma yuko utanguye kwaka.

Ni wo muriro uhitanye igitigiri kinini cane c’abantu mu nyubakwa yo gupangamwo mu gisagara ca New York mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri n’itanu.

Abategetsi mu gisagara ca New York bavuga uwo muriro wakomerekeje bikomeye abantu bane.