DRC: Inyubakwa ya Perezida Kabila Yaturiwe

Imyiyereko mu mugwa mukuru Kinshasa, kw'igenekerezo rya 19, 2016

Mu buseruko bwa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, abagizi ba nabi baraye baturiye inzu iri mw’itongo ry’umukuru w’igihugu Joseph Kabila. Bongeye bica umupolisi umwe yari ahari.

Perezida Kabila ntiyari ari kuri iryo tongo riri hafi y’ikigwati ca Musienene kandi ntibiramenyekana neza uburyo uyo mupolisi yari ahari yishwe.

Ntawuriyitira ico gitero, ariko umusirikare wa reta yabwiye ibiro ntaramakuru by'Abafaransa yuko igisirikare cagiriza ico gitero abagwanyi b’aba Mai Mai. Yavuze kandi kw’abo bagizi ba nabi babanje gusahura ivyari muri iyo nzu imbere yo kuyiturira.