Abantu Barenga Indwi Baguye mw'Isanganya rya Bisi mu Burundi.

Archives

Abantu indwi basize ubuzima mw'isanganya ry'imodoka ya bisi hafi y'umurwa mukuru Bujumbura. Amakuru atangwa n'igipolisi c'Uburundi avuga ko abandi barenga 47 bakomeretse.

Amakuru atangwa n'abari hafi yo mu Kamesa habereye iryo sanganya, avuga kw'iyo mpanuka ishobora kuba yavuye ku mafire y'imodoka, atashoboye gukora igihe iyo mudoka, yariko iramunuka, igeze kwinjira mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, Pierre Nkurikiye, yavuganye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika Frederic Nkundikije. Aratangura atubwira ukuntu iryo sanganya ryabaye.

Your browser doesn’t support HTML5

Abantu indwi bahitanwe n'isanganya ya bisi